Abasirikare babiri barapfuye bane barakomereka, mu gitero ca kozwe ku muduga warimwo abasirikare bo mu ntare ya 111 y’igisirikare ca Congo.
Ico gitero cabaye mu gatondo ko ku musi wa kane mu kiyaya ca Rusizi. Amakuru yo kwizera avuga ko muri bane bakomeretse batatu bahavuye bapfa inyuma yaho bashikiye kwa muganga.
Umuvugizi w’igisirikare c’igihugu ca Congo mu bumanuko bwa Kivu, amenyesha ko amafaranga yasahuwe muri uwo mudugaga yagaruwe n’abasirikare batabaye.
Mukamenya ko iyo modoka yaguye mu mutego yari itwaye amahera yo guhemba abasirikare.
Fidélité Ishatse/Igihe.com i Bukavu
























TANGA IGITEKEREZO