Abamenyeshamakuru bo mu Burundi barahiye bararengwa ko batazokwitaba ibirori vyo guhimbaza imyaka mirongo itanu u Burundi bumaze bwikukiye.
Amashirahamwe ahurikiyemwo abo bamenyeshamakuru abimenyesheje inyuma y’aho Umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki aciriwe umunyororo w’uguherayo atakosa rigaragara yagirizwa nk’uko abanonosoye amategeko n’amashirahamwe y’abamenyeshamakuru babandanya babimenyesha.
Abamenyeshamakuru bo mu Burundi baguma biyamiriza urubanza gwaciriwe mugenzi wabo Hassan Ruvakuki. Kuva bamuciriye uwo guherayo abamenyeshamakuru basanzwe canke abakuru b’ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi ishavu riraniga.
Aha tukavuga nka Muhozi Innocent arongoye ugwego rw’abamenyeshamakuru rucungera ukugene abanyamakuru bakora mu Burundi (Observatoire de la presse au Burundi). Muhozi aherutse kumenyesha ko atacotuma abamenyeshamakuru bizihiza ibirori vy’imyaka mirongo itanu iheze u Burundi bwikukiye.
Muhozi arongera akamenyesha kandi ko, ukugene abacamanza bo mu Burundi bakora umwuga wabo, ngo biragaragaza cane ko bakora ivyo bategetswe mu guca imanza zishimisha abantu bamwe bamwe bari ku butegetsi. Kubwa Muhozi Innocent ngo nta guhimbaza ukwikukira mugihe bigaragara ko ataguhari.
Antoine Kaburahe wo mu Kinyamakuru Iwacu nawe nyene avuga ko ari urubanza rw’agahotoro ngo aho ni mu gihe Hassan Ruvakuki yapfunzwe azira ubusa. Ngo nta kosa na rimwe afise kuko yariko arondera amakuru.
Agira ko yibutsa umugambwe CNDD/FDD uri ku butegetsi ko nabo nyene bakiri mu ishamba abamenyeshamakuru bahora babasangayo bakabafasha kuronka aho bashikiririza ijambo.
Mbe Hassan Ruvakuki ni nde? Ariko azira iki ?
Hassan Ruvakuki ni umumenyeshamakuru w’Iradiyo Bonesha FM yo mu Burundi, arakorera kandi n’Iradiyo RFI y’Abafarasa. Yafashwe n’abakozi b’igendereza ryo mu Burundi ku itariki 28 ukwezi kwa cumi na kumwe 2011 hanyuma ajanwa mu ibohero arinaho yamaze amazi indwi imbere y’uko acigwa umunyororo wo guherayo kur’ uyu wa Gatatu igenekerezo rya mirongo ibiri.
Agifatwa yagirijwe kuba yahaye ijambo umugwi w’uwitwa Kabirigi ugwanya Leta y’u Burundi. Mu nyuma yaho Hassan yahavuye yagirizwa kuba akorana n’imigwi y’iterabwoba. Mukamenya ko ubutegetsi bw’u Burundi butemera ukubaho kw’iyo migwi.



















TANGA IGITEKEREZO