00:00:00 IGIHE NETWORK KN KINYARWANDA EN ENGLISH FR FRANCAIS

Imicungwe na mandarine vyo mu Burundi vyarabujijwe gushogwa mu Rwanda

Yanditswe na

Ishatse Fidélité

Kuya 7 July 2012 saa 04:05
Yasuwe :

Ivyamwa bigizwe n’imicungwe (amacunga) na mandarine vyo mu Burundi ntibigishorwa mu gihugu c’u Rwanda. Abakenyezi bo mu Burundi bahora bashora ivyo vyamwa barabujijwe n’Igipolisi kubijabukana imbibe u Burundi buhana n’u Rwanda.
Haraheze indwi zibiri abakenyezi batatu babujijwe n’Igipolisi gicungera urubibe u Burundi buhana n’u Rwanda mu Ntara ya Kirundo, kujabutsa mu Rwanda ivyamwa vyuzuye imodoka ya Fuso. Abo bakenyezi bavuga ko baciye baja kugerageza ku rubibe u Burundi buhana n’u (…)

Ivyamwa bigizwe n’imicungwe (amacunga) na mandarine vyo mu Burundi ntibigishorwa mu gihugu c’u Rwanda. Abakenyezi bo mu Burundi bahora bashora ivyo vyamwa barabujijwe n’Igipolisi kubijabukana imbibe u Burundi buhana n’u Rwanda.

Haraheze indwi zibiri abakenyezi batatu babujijwe n’Igipolisi gicungera urubibe u Burundi buhana n’u Rwanda mu Ntara ya Kirundo, kujabutsa mu Rwanda ivyamwa vyuzuye imodoka ya Fuso. Abo bakenyezi bavuga ko baciye baja kugerageza ku rubibe u Burundi buhana n’u Rwanda mu Ntara ya Kayanza ahitwa ku Kanyaru, ariko na ho nyene ngo abapolisi baranse ko ivyamwa bari bafise bijabuka.

Aho hose ngo abapolisi bababwira ko bariko barashira mu ngiro ingingo y’Umukuru w’Igihugu ibuza ivyamwa n’imicungwe kujabuka mu gihugu c’u Rwanda. Ubu abo bakenyezi bugarijwe n’agahinda ngo kukera ko bahomvye imiliyoni hafi zitanu z’amafaranga y’Amarundi, narirya imicungwe na mandarine baribashoye mu Rwanda vyahavuye bibora.

Vyongeye, ngo bakoresha amafaranga y’ingurane bakuye mu mabanki bakaba batabona ingene buca bayishura. Mugihe abo bakenyezi bavuga ko bahomvye amafaranga yababa imiriyoni zitanu abatari bake bariko baribaza uwuzobashumbusha.

Mu gihe ari ingingo yafashwe gihutihuti nta n’umwe mu bategetsi b’u Burundi aragira ico ayivuze ko. Haba mu biro vy’Umukuru w’Igihugu bivugwako ariho iryo tegeko ryavuye, canke mu Gipolisi ari na bo bayishize mu ngiro agacerere ni kose, ntawurayemanga ngo canke avuge igituma yafashwe.

Naho biri uko hari amakuru avuga ko itegeko ribuza imicungwe na mandarine gushorwa mu Rwanda ryoba ryafashwe ngo kubwo ihinguriro ry’Umukuru w’Igihugu c’u Burundi rikora imitobe y’imicungwe na mandarine .


Kwamamaza

Kwamamaza

Kwamamaza

TANGA IGITEKEREZO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'IGITEKEREZO CYAWE

Kwamamaza

Special pages