Mu kwezi gushize umuhanzi Big Fizzo wamenyekanye cyane mu Rwanda, aheruka mu Burundi, aho yari yagiye mu bitaramo bikomeye byo gusoza irushanwa ry’umuziki rya Primusic.
Ubu uyu muhanzi ari mu Bufaransa, aho abana n’umugore we w’umuzungukazi.
IGIHE twegereye uyu muhanzi tugirana nawe ikiganiro, aho yadutangarije ko ateganya gushyira hanze Album nshya yise “Burundiano”.
Fizzo, uri mu bahanzi bakunzwe cyane muri iki gihugu, avuga ko muri iyi minsi yatangiye kwiga gutunganya indirimbo anatubwira amakuru ye mashya.
Soma ikiganiro kirambuye yagiranye na IGIHE:
IGIHE: Amakuru ya Farious muri iyi minsi?
Big Fizzo: Nje ndaho ndashimira Imana ndi muzima ndafite amagara meza, ico nico kintu nyamukuru. Nkaba ndiko ndakora urukurikirane rwa Album yanjye nshasha izokwitwa “Burundiano”.
IGIHE: Ubwo ni iya kangahe?
Big Fizzo: Ni iya kabiri, mugabo indirimbo ni nyinshi ntiwoziharura ngo uziheze.
IGIHE: Ni izihe ndirimbo nshya uheruka gusohora?
Big Fizzo: Indirimbo zanje nshasha zishika nk’indwi; hariho “Ndakumissinze” sinzi ko mu Rwanda bamaze kuyironka, hariho “Nakulove”, hariho “Baju”, hariho “Daima” nagiranye na Samantha, hariho “Uko Wapi” naririmbiye mukuru wanje kuko twari tuzi ko yapfuye mugabo twaramubonye namubonye muri Afurika y’Epfo - Imana ishimwe kuko ari ngaha mu Burundi, hariho indi yitwa “Mama”, hariho n’indi yitwa “Go Hard” ni nyinshi ego!
Baju, indirimbo Big Fizzo aheruka gusohora:
IGIHE: Wazikoreye hano i Burundi?
Big Fizzo: Nazikoreye hano, mugabo ninje wakoze arrangement (kuzitunganya), ego!
IGIHE: Usigaye utunganya indirimbo?
Big Fizzo: Muri iyi minsi nivyo ndiko ndiga kuko umuntu ntushobora kumenya mu myaka icumi canke makumyabiri ndashobora kuba mfise studio yanje ngafasha bariya bahanzi batoya bariko baraza.
IGIHE: Hari amakuru atandukanye mperuka kumva nshaka kukubaza; ngo waba ugiye kuba umunyamakuru, ese nibyo?
Big Fizzo: Aseke… Oya, oya sibyo. Ni uko gusa rimwe bampamagaje kuri Radio hama nca nkora nk’umunyamakuru.
Umva Ikiganiro kirambuye yagiranye na IGIHE:
IGIHE: Hari andi makuru numvise ko ushaka kuzigumira mu Bufaransa?
Big Fizzo: Mu Bufaransa sinshobora kugumayo kuko nje ndakunda igihugu cy’iwanje na niyo mpamvu buri gihe nguma nza i Burundi, nko ku mwaka ndashobora kuza nka kabiri kuko ngaha niho muhira. Aha niho hari urusogi rwanje, aha niho hamvyaye, niyo mpamvu ntashobora kwibagira kuza ngaha i Burundi iwacu.
Ahubwo ndiko ndapanga ngo mu myaka ibiri canke itatu nzaze kuba ngaha i Burundi.
IGIHE: Nk’umuhanzi ubona ari iyi mpamvu indirimbo zo mu Burundi zitacyumvikana cyane i Kigali?
Big Fizzo: Ico kibazo nje ntaco novuga, wenda cokwishugwa n’abanyamakuru bo mu Rwanda, n’itangazamakuru ryo mu Rwanda kuko twe turacaririmba neza, indirimbo zirahari nyinshi nziza ngira ngo na wewe washitse ku kibuga urabona ko Abarundi bashoboye, urumva ico kibazo ni ico kubaza itangazamakuru ryo mu Rwanda.
IGIHE: Urabizi se ko zitagicurangwa nka kera?
Big Fizzo: Maze iminsi myinshi cane ntaja i Kigali, urumva sinshobora kumenya yuko bazivuza canke batazivuza, mugabo nimba batazivuza bivana n’itangazamakuru ryo mu Rwanda.
IGIHE: Ni iki ubona Primusic iteza imbere ku muziki w’u Burundi?
Big Fizzo: Rirafasha cane kuko bica biguha imbaraga zo gukora. Bituma n’uwari ufite impano yo kuririmba, aha niho ho kwerekana impano yawe kuko benshi babura uburyo. Nasaba n’abandi bafise amafaranga ko batera inkunga ibikorwa nk’ibi.
IGIHE: Ni izihe gahunda nshya ufite muri Studio ubu?
Big Fizzo: Nifuzaga gukorana indirimbo na Jaguar. Indi gahunda ni ugusohora Album yanjye.
IGIHE: Murakoze cyane
Big Fizzo: Murakoze cane
Indirimbo Ndakumissinze, imwe mu nshya za Big Fizzo:



















TANGA IGITEKEREZO